Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba ko abategetsi ba gisirikare na poritike bafashije imihari yitwaje ibirwanisho, yishe abantu barenga 700 mu mwaka uheze mu ntara ya Jonglei muri Sudani y’ubumanuko babibazwa.
Komisiyo ya ONU ijejwe uburenganzira bwa muntu hamwe n’umugwi wa ONU muri Sudani y’Ubumanuko, ku musi wa mbere barasohoye raporo isaba reta ya Sudani y’ubumanuko gukurikirana abishe n’abanyuruje abantu baharurwa mu majana. Basaba kandi ko abategetsi b’inzego zo hasi hamwe n’abasirikare bafashije muri ubwo bwicanyi no gutanga ibirwanisho kuri iyo mihana babihanirwa.
Komiseri mukuru w’igisata ca ONU cita ku burenganzira bwa muntu, Michelle Bachelet, yavuze ko ubwicanyi nk’ubwo burenze urugero ku buryo atawobwihanganira.
ONU ivuga ko ubwo bubisha kandi bwatumye ibihumbi vy’abantu bata ingo zabo, ubutunzi bwabo hamwe n’ibigo vy’abagiraneza birasamburwa, hatibagiwe n’ibitungwa hafi 86 000 bifise agaciro k’imiriyoni 35 z’amadolari vyibwe.
Umugwi awa ONU muri Sudani y’ubumanuko hamwe n’iyo komisiyo y’uburenganzira bwa muntu basaba reta kurangiza kugena abategetsi mu nzego z’ibanze muri reta ya Jonglei kugira batangure gutohoza ku bwicanyi bwahabaye hamwe no gukurikirana ababukoze.
Facebook Forum