Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden kuri uyu wa kane yasinye yemeza nk’itegeko amafaranga yababa triliyoni zibiri z’amadolari yo kugarukira igihugu n’abanyagihugu bagize ingaruka za COVID-19.
Aya mafaranga ya reta agiye guca arungikirwa imiryango y’abanyamerika hamwe n’abakora ibikorwa bitandukanye vyaba ivy’urudandazwa canke ibindi kugira abunganire mu gisata c’ubutunzi.
Perezida Biden, wo mu mugambwe w’abademokrate, ateye umukono kuri iryo tegeko, inyuma y’umusi umwe abashingamateka baryemeje ku majwi 220-211. Nta n’umwe wo mu mugambwe w’abarepublikani yaryemeje.
Iri tegeko rishasha riha amadolari 1 400 abanyamerika bose kiretse abinjiza amafaranga menshi. Abavyeyi bazoronswa amadolari 3000 canke 3600 y’abana hisunzwe imyaka yabo. Abanyamerika batakaje ubuzi bazohembwa amadolari 300 buri ndwi gushika mu ntango y’ukwezi kw’icenda, mu gihe ubutegetsi bw’amareta n’ibisagara buzogabangana imiriyaridi 350 z’amadolari.
Itandukaniro rya sheki zahawe abanyagihugu mu mwaka uheze, amacheque azohabwa abanyagihugu iki gihe ntazoshirwako umukono wa perezida.
Iri tegeko kandi ririmwo amamiriyaridi y’amadolari azofasha mu gupima umugera wa corona, gukurikirana abahuye n’abanduye hamwe no gukwiragiza incanco za Covid-19. Amashirahamwe yasinzikaye kuruta ayandi nayo nyene azoronswamwo amafaranga.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku musi wa mbere, umuvugizi wa White House, Jen Psaki, yarashimazije iri tegeko. Ku musi wa kabiri naho yavuze ko perezida Biden hamwe n’abandi bategetsi muri reta bategekanya kugendera abanyagihugu kubasigurira ico aya mafaranga azofasha.
Facebook Forum