Uko wahagera

COVID-19: Ubwongereza Bwasubiye Kwugurura Amashure


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Londres, kw'itariki ya 8/03/2021.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Londres, kw'itariki ya 8/03/2021.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, kuri uyu wa mbere yavuze ko ugusubira kw’abanyeshure ku mashure yo mu gihugu ari intambwe ya mbere ihambaye mu nzira yo gutanga umwidegemvyo ku kiza ca Covid-19.

Johnson yabibwiye abamenyeshamakuru ku musi wa mbere, aho amamiriyoni y’abana mu Bwongereza basubiye mu masomero. Yavuze ko yiteze ko uku gusubiza abana mu masomero bishobora kuzokwongereza ikwirakwira ry’uwo mugera, ariko ko izindi ntambuko zizokurikira reta izofata izozihabwa n’uko ibiharuro bizoba vyifashe.

Iyindi ntambwe ihambaye yo gutezurira abanyagihugu itegekanijwe kw’italiki ya 29 y’ukwezi kwa gatatu, igihe gukoranira hamwe kw’abantu batandatu canke imiryango ibiri bizorekurirwa, hamwe n’inkino nka tennis, basketball na Golf zigashobora kwongera gutunganywa.

Ibiharuro bitangwa na reta vyerekana ko abantu bashasha bandura mu Bwongereza bagabanutse gushika ku 4 712 ku rugero rwo hasi kuri uyu wa mbere ugereranije no kuva mu kwezi kw’icenda. Ivyo biharuro vyerekana kandi ko abantu bashasha 65 bapfuye mu misi 28 inyuma yo gupimwa bagasanga baranduye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG