Ku ncuro ya mbere, reta ya Perezida Joe Biden yafatiye ibihano Uburusiya.
Ibi bihano vyo kuri uyu wa kabiri vyafatiwe abategetsi indwi bo muri reta y’Uburusiya, ariko hatarimwo perezida w’ico gihugu, Vladimir Putin. Reta ya Biden ibagiriza kugira uruhara mu kugerageza kwica umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi, Alexey Navalny.
Ibi bihano bibonwa na bamwe mu bahinga nk’ikimenyetso gikomeye, vyafashwe mu bufatanye n’Ubumwe bwa Bulaya, buza bwaramaze guhana bamwe mu bategetsi b’Uburusiya kuri ico kibazo nyene ca Navalny.
Umutegetsi wo muri reta ya Amerika, yavuze ko iki ari ikimenyetso kigaragariza Uburusiya ko hari inkurikizi kw’ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’Ubumara. Ibihano abo bategetsi barimwo umuyobozi ajejwe igisata c’umutekano mu gihugu harimwo ukubafatira amatungo bafise muri Amerika no guhagarika itumatumanako ryabo ry’amafaranga.
Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Sergey Lavrov, yemeye ko Uburusiya ata nkeka buzogira ico buvyishuyeko.
Navalny yatwawe mu bitaro mu kwezi kwa munani, inyuma y’aho agaragarije ko atameze neza aho yari mu ndege muri Serbia. Yaciye atwarwa vyihuta mu Budagi, aho abaganga bamusuzumye basanze yahawe ubumara bwica bwa Novichok. Uburusiya bwavuze ko ata ruhara bwabigizemwo.
Facebook Forum