Perezida Joe Biden yemeye kuri uyu wa kane ko Reta zunze ubumwe z’Amerika igiye kwongereza uruhara ifise kw’isi, mu kurangiza ico yise “imyaka ine irangiye yo gufata minenerwe no guhungabanya imigenderanire mpuzamakungu”, vyakozwe n’uwahoze ari perezida, Donald Trump.
Biden yatangaje ko Amerika igarutse ku rubuga mpuzamakungu, ko dipolomasiya ari yo shingiro rya politike mpuzamakungu. Yavuze ko yavuganye na Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, kuri telephone mu ndwi iheze, amubwira ko iminsi Amerika yihanganiye Uburusiya irangiye. Yamusavye kurekura bidatevye umunyeporitike atavuga rumwe n’ubutegetsi, Alexei Navalny, kandi ata kirinze gusabwa.
Biden kandi yavuze ko arangije ubufasha bwa gisirikare Amerika iha urunani mpuzamakungu ruri ku ruhande rwa Arabiya Sawudiye mu ntambara muri Yemeni. Yongeyeko ko intambara ibwirizwa kurangira. Ibi biri muvyo yemereye abanyagihugu mu gihe c’imyiyamamazo.
Yemeza ko iyo ntambara yatumye ico gihugu ca Yemeni kija mu mapfa hamwe n’ubukene.
Perezida mushasha w'Amerika yavuze ko azogumiza abasirikare b’Amerika mu Budagi, yongereze igitigiri c’impunzi Amerika yakira zihunze ibihugu birimwo intambara buri mwaka ku 125 000, ibitigiri Trump yagabanije gushika ku 18 000.
Facebook Forum