Uko wahagera

USA: Abashingamateka Batanze Ikirego kuri Trump muri Sena


Umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi yerekana ikirego barega Donald Trump, imbere yo kukirungika muri Sena. Washington, kw'italiki ya 13/01/2021.
Umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi yerekana ikirego barega Donald Trump, imbere yo kukirungika muri Sena. Washington, kw'italiki ya 13/01/2021.

Inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa mbere yashikirije Sena ikirego ku wahoze ari perezida w’Amerika, Donald Trump.

Abashingamateka ba Congress bemeje ico kirego mu ndwi iheze. Bagiriza Trump icaha kimwe co kugomora abanyagihugu gushaka gutembagaza inzego z’ubutegetsi. Kuri bo, Trump ari inyuma y'igitero c'abanywanyi biwe ku ngoro ya Capitol, y'inama nshingamateka y'Amerika, ku italiki ya 6 y'uku kwezi kwa mbere, caguyemo abantu batandatu.

Abasenateri b'Abarepubulikani n'ab'Abademokrate barumvikanye ko badaca batangura kuburanisha ikirego bakimara kugihabwa kugira ngo bahe abashingwamanza b'Abashingamateka bitwaye hamwe n'abavoka ba Trump igihe gihagije co kwitegura. Gurtyo, bavuga ko urubanza nyezina ruzotangura mu ndwi izotangura kuwa mbere taliki ya 8 y'ukwezi kwa kabiri kuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG