Uko wahagera

Ubushinwa Bwafatiye Ibihano Abategetsi Bahoze ku Ntwaro ya Trump


Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Wang Yi
Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Wang Yi

Ubushinwa bwarafatiye ibihano abategetsi bahoze muri reta ya Trump, inyuma y’iminota mike Biden arahiriye kuba perezida wa 46 w’Amerika. Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yabishikirije kuri uyu wa gatatu.

Uwahoze ari umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo, yabaye umwe muri 28 Ubushinwa buvuga ko bateguye, baramamaza kandi bashira mu ngiro urukurikirane rw’ibihano vyahungabanije Ubushinwa n’inyungu zabwo.

Abandi muri bo ni uwahoze ari umuhanuzi wa Trump mu vyo ubudandaji, Peter Navarro, uwahoze ari umuhanuzi mu bijanye n’umutekano, Robert O’Brien, hamwe n’uwo yasubiriye, John Bolton.

Uwo mutegetsi avuga ko ivyo bihano vyabangamiye abanyagihugu babo, vyongera bitosekaza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Ubwo bushikiranganji bwavuze ko abo bahoze ari abategetsi hamwe n’imiryango yabo babujijwe kwinjira ku butaka bw’Ubushinwa, ubwa Hong Kong n’intara idasanzwe ya Macao igenzurwa n’Ubushinwa.

Imigenderanire hagati y’Ubushinwa na Reta zunze ubumwe z’Amerika yasinzikaye bikomeye inyuma y’aho Trump atanguje intambara yo kuduza amatagisi ku bidandazwa bihingurirwa mu Bushinwa acinjira ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG