Uko wahagera

Ubwongereza Buratangura Incanco za Pfizer na BioNTech.


Reta y’Ubwongereza yavuze kuri uyu w’Imana ko ico gihugu kigiye kuba ica mbere mu gutangura gucandaga abanyagihugu n’urucanco rwakozwe n’amahinguriro Pfizer na BioNTech.

Incanco za mbere zizohabwa abakora mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’abarenza imyaka 80 kuva kuri uyu wa kabiri, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Incanco hafi 800 000 nizo zitezwe gutangwa mu ndwi ya mbere.

Incanco zakozwe n’amahinguriro Pfizer na BioNTech zishobora kandi kwemererwa na Reta zunze ubumwe za Amerika mu mpera z’uku kwezi.

Ubushinwa nabwo butegekanya gutanguza isekeza rihambaye ryo gucandaza abanyagihugu.

Ikinyamakuru Associated Press co muri Amerika kivuga ko amamiliyoni y’abashinwa bo mu gisata c’amagara y’abantu bamaze kugeragezwako urucanco kandi ata ngaruka zirababonekako.

Kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika ivuga ko abantu barenga imiliyoni 66 n’ibihumbi 700 bamaze kwandura kw’, n’abarenga umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu bamaze gupfa. Reta zunze ubumwe z’Amerika ifise abarenga imiliyoni 14 n’ibihumbi 500 bamaze kwandura, igihugu kiza ubwa mbere mu kugira abanduye benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG