Abategetsi ba Nijeriya bavuga ko bariko baragerageza kurokora abakenyezi bashika 10 banjurujwe n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram mu gitero cabaye mu mpera z’indwi cahitanye hafi abantu 43.
Boko Haram kuwa kabiri yavuze ko abarwanyi babo bishe abarimyi 78 muri ico gitero, caneguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu bariko basaba ko abo bakenyezi barekurwa.
Abajewe umutekano muri Nijeriya hamwe n’imihari y’abanyagihugu yo kwikingira bariko bararondera abo bantu baburiwe irengero muri ico gitero, cabaye ku musi wa gatandatu mu mihana y’i Zabarmari.
Umuyobozi wa ONU muri Nijeriya, Edward Kallon yaragendeye abanyagihugu b’i Zabarmari ku musi wa kabiri yongera abonana n’imiryango y’ababuze.
Naho abantu 43 ari bo bavuzwe ko bishwe muri ico gitero, ONU ivuga ko ibindi biziga vyatowe n’abariko bararondera ababuze.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa muntu Amnesty International rivuga ko abagore 10 bari mu bataratorwa.
Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yavuze ko ubwo bwicanyi ari agahomerabunwa kandi ko ubundi buryo bw’amafaranga buzohabwa abajejwe umutekano kugira barwanye iterabwoba.
Facebook Forum