Ishirahamwe FIFA ryafatiye Ahmad Ahmad ivyo bihano uno musi ku wa mbere. Ahmad yagirijwe ko yakoresheje amabanga yari ajejwe ku nyungu ziwe kandi ko yakoresheje nabi amafranga y’ishirahamwe yari ajejwe.
Ibihano Ahmad ayoboye ishirahamwe CAF kuva mu mwaka w’i 2017 afatiwe bifatiye ku nyifato yerekanye hagati y’umwaka w’i 2017 n’umwaka w’i 2019. Vyaribonekeje ko yarenze ku ngingo 4 zitandukanye z’ishirahamwe FIFA zijanye n’ukwigenza neza.
Iyo ngingo izotuma adashobora gusubira kwitoza kuyobora ishirahamwe CAF mu kindi kiringo mu ntango z’umwaka utaha. Itangajwe mu kiringo kirenga umwaka umwe inyuma y'uko ishirahamwe FIFA rironse ibirego vy’ukwitwara nabi kwa Ahmad. Ivyo bibaye amezi 17 inyuma y'uko ahagaritswe, agasambishwa n’abajejwe gutohoza ivyaha bo mu gihugu c’Ubufransa ku vyagirizo vya ruswa.
Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe FIFA, Gianni Infantino, yariyemeje kurandurana n’imizi umuco wa ruswa mu mupira w’amaguru kw’isi.Ruswa yari yarambitse icesi iryo shirahamwe ku gihe c’uwo yasubiriye, Sepp Blatter.
Ahmad Ahmad yari mu bategetsi bashasha bari bashikiriye amabanga yabo inyuma y’ayo marorerwa ya ruswa mu mupira w’amaguru.
Facebook Forum