Uko wahagera

Agathe Habyarimana Yunguruje ku Ngingo ya Sentare y'i Paris


Ibisigarira vy'indege yarimwo Juvenal Habyarimana
Ibisigarira vy'indege yarimwo Juvenal Habyarimana

Umupfakazi w’uwahoze ari perezida w’u Rwanda Juvenal Habyarimana yunguruje urubanza ku ngingo yafashwe n’umushikirizamanza mu Bufaransa yo kubandanya amatohoza ku vyo yagirizwa ko yagize uruhara muri Jenoside yabaye mu 1994. Umushingwamanza wiwe yabishikirije kuri uyu wa mbere.

Agathe Habyarimana aronderwa n’u Rwanda ku vyaha vya jenoside, ariko mu Bufaransa ari mu rwego rw’abakekwako ivyaha ariko bataragirwa ku mugaragaro.

Mu kwezi kw’icenda, yasavye umucamanza w’i Paris kwugara dosiye y’amatohoza amaze imyaka 13 kuvyo yagirizwa ko yagize uruhara mu bwicanyi, asigura ko habaye guteba muri ayo matohoza.

Mu kwezi kw’icumi na kumwe italiki ya 4, ivyo yasavye ntivyemewe n’ubucamanza bwo mu Bufaransa buriko buratohoza kuri ivyo vyaha yagirizwa ko yakoze mu Rwanda.

Umushingwamanza wiwe, Philippe Meilhac, yavuze ko bunguruje bahakana iyo ngingo.

Agathe Habyarimana, w’imyaka 78, aba mu Bufaransa kuva mu 1998. Ubufaransa bwaranse kumutanga ku Rwanda ariko kandi bwaramwimye ubuhungiro kubw’ivyo akekwako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG