Uko wahagera

Abategetsi b'Abarepublikani Bashigikiye ko Trump Yituye Ubutungane


Umukuru wa sena, umurepublikani, Mitch McConnell n'abandi basenateri bo muri uwo mugambwe, i Washington.
Umukuru wa sena, umurepublikani, Mitch McConnell n'abandi basenateri bo muri uwo mugambwe, i Washington.

Abategetsi b’abarepublikani bafise igihagararo i Washington bari ku ruhande rwa Perezida Donald Trump mu rugamba arimwo rwo kwitura ubutungane, bavuga ko guharura amajwi yavuye mu matora vyabayemwo ubusuma. Bavuga ko ivyo vyatumye umudemokrate Democrate Joe Biden aza imbere mu majwi.

Ni mu gihe abashingamateka bake mu barepublikani hamwe n’abandi barepublikani benshi bahoze mu butegetsi bemera ko Biden yatsinze amatora yo mu ndwi iheze.

Ariko abategetsi babiri mu mugambwe w’abarepublikani, umukuru wa sena, Mitch McConnell hamwe n’umukuru w’abarepublikani mu nama nshingamateka, Kevin McCarthy, bariko bavuga ko Trump adakwiye kwemera ivyavuye mu matora mu gihe umugwi wamufashije mu myiyamamazo bariko bitura ubutungane bavuga ko uguharura amajwi vyabayemwo ibibazo n’utunenge.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo igihe yabazwa ko azokworohereza uwatowe kuzoba perezida, Joe Biden mu bikorwa vy’ibanze vyo kubisikanya, yabwiye abamenyeshamakuru ko hazoba akaruhuko gato kazogana kuri reta ya kabiri ya Trump.

Gushika ubu, Trump amaze gutsindwa mu manza zitanu yitwayemwo, n’izindi zirenga cumi zikiriko zirasuzumwa n’abacamanza mu bice bitandukanye mu gihugu.

Abasesenguzi b’abanyamerika muri politike bavuga ko naho Trump yohabwa amwe mu majwi mu mareta make cane, nta kinini kizohinduka ku buryo yigaranzure Biden.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG