Raporo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yerekana ko amamiliyoni y’amamodokari yakoze arungikwa mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere cane cane muri Afrika yo musi ya Sahara afise ingaruka mbi ku magara y'abantu n’ibidukikije.
Porogaramu ya ONU ijejwe ibidukikije ivuga ko imodokari amamiliyoni 14 zakoreshejwe zarungitswe mu bindi bihugu kw’isi hagati y’imyaka ya 2015 na 2018. Izishika 80 kw’ijana zirungikwa mu bihugu bitishoboye, aho izirenga ica kabiri cazo zirungikwa muri Afrika.
Iyo raporo ivuga ko amamiliyoni y’imodokari zakoze ziva mu Burayi, Amerika no mu Buyapani zirungikwa mu bihugu bikiri mw’iterambere zifasha mu kwonona ikirere hamwe n’ihindagurika ry’ibihe.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku magara y’abantu, OMS, rivuga ko hafi imiliyoni indwi z’abantu bapfa bakiri bato kubera guhema impwemu mbi ziva kuri izo modokari. ONU yemeza ko ukwononekara kw’ikirere bizobandanya kwiyongera kandi kubandanya kurungika imodokari zakoreshejwe n’abandi mu bihugu bikiri mu nzira y’iterambere bizobangamira utwigoro tw'isi two gukingira ibidukikije.
Facebook Forum