Ibihugu vy’Ubushinwa, Uburusiya hamwe n’ibindi birenga 10 vyagiye hamwe bisaba Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ibihugu vya Bulaya guhagarika ingendo yo gufatira ibihano ibindi bihugu.
Ivyo bihugu bivuga ko ivyo bihano bituma akigoro amakungu arimwo ko kurwanya Covid 19 kananirana.
Mu rwandiko rwasomwe n’intumwa y’Ubushinwa Zhang Jun muri ONU, ivyo bihugu vyagiriza Amerika guhungabanya agateka ka muntu, kuvangura hisunzwe urukoba hamwe no kugumiza ibihugu mu bukene iyo bifatiwe ibihano.
Urwo rwandiko rwasinywe n’Ubushinwa, Uburusiya, Koreya ya ruguru, Irani, Nicaragua, Venezuela hamwe n’ibindi bihugu Amerika yafatiye ibihano.
Rwahawe komite ya ONU ikurikirana ibijanye n’agateka ka muntu no gutanga imfashanyo.
Mu myaka ine iheze, Amerika hamwe n’ubumwe bwa Bulaya vyarongereje umurindi mu gukoresha ibihano bahana ibihugu vyitwaye nabi. Uburusiya bwahowe kuvogera intara ya Crimea, Koreya ya ruguru na Irani vyahanwe kubwa porogramu zavyo za Nikleyeli, nayo Venezuela ihorwa guhonyanga agateka ka muntu no gutwaza igikenye.
Facebook Forum