Uko wahagera

Moctar Ouane Yagenwe Kuba Umushikiranganji wa Mbere wa Mali


Moctar Ouane, umushikiranganji wa mbere wa reta mfatakibanza muri Mali
Moctar Ouane, umushikiranganji wa mbere wa reta mfatakibanza muri Mali

Muri Mali, uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Moctar Ouane yagenwe kuba umushikiranganji wa mbere na perezida w’imfatakibanza, Bah Ndaw. Iyi nkuru yatangajwe na televiziyo ya reta kuri uyu w’Imana.

Ouane, w’imyaka 64, yigeze kuba umushikiranganji wa Mali w’imigenderanire n'ayandi makungu hagati y’imyaka ya 2004 na 2011 ku ntwaro ya Amadou Toumani Toure.

Umwofisiye mu kagwi kafashe ubutegetsi atashimye ko izina ryiwe rigaragara yavuze ko abagize reta nshasha y’uwo mushikiranganji wa mbere bazotangazwa kuwa kabiri.

Ibihugu bibanyi na Mali bihurikiye muri CEDEAO vyarashimangiye ko umusivile ari we akwiye kurongora reta mfatakibanza izoshikana igihugu ku matora inyuma y’aho uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, Bah Ndaw ashizwe mu kibanza ca perezida.

Umushikiranganji wa mbere w’umusivile niwe yari yasabwe na CEDEAO kugira Mali ikurweko ibihano uwo muryango wafashe inyuma y’imisi ibiri habaye kudeta yakuye perezida Ibrahim Boubacar Keita ku butegetsi.

Ndaw yarahiriye mu mabanga ya perezida ku musi wa gatanu imbere ya sentare ntahinyuzwa ya Mali cokimwe n’umukuru w’akagwi k’abasirikare katembagaje reta, Colonel Assimi Goita nk’icegera ciwe. Ico kibanza giha Colonel Goita gukurikirana ibibazo vy’ukwivuna abansi n’umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG