Ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa mbere ryujuje imyaka 75 rimaze rishinzwe. Uyu mwaka wibutswe isi ihanzwe n’ikiza ca Corona hamwe n’ibindi bibazo bikomeye umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze ko bikeneye vyihuta urunani mpuzamakungu kugira bikemurwe.
Abantu bamaze kumenyekana ko bishwe na COVID-19 barenga 960 000, nkuko bishikirizwa na kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika iguma ikurikirana ibiharuro vy’abandura n’abicwa n’uwo mugera.
Ukwibuka ivuka rya ONU gutanguriye inama yayo ya buri mwaka ihuza abakuru b’ibihugu vyo kw’isi. Ikiza ca COVID-19 catumye iyo nama iba hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo conference. Mu ndwi izomara, intumwa imwe iserukira buri gihugu izoba iri mu nyubakwa ya ONU hubahirijwe intambuko hagati y’umwe n’uwundi. Abakuru b’ibihugu n’abashikiranganji ba mbere bitatabira iyo nama aho bari mu bihugu vyabo kuri videwo.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashinzwe mu 1945, inyuma y’intambara ya kabiri y’isi kugira ibara nk’iryo ntirizongere kuba.
Guterres yavuze ko intambara ya gatatu y’isi, iyo benshi bari bafitiye ubwoba yashoboye kurindwa, aho ata bihugu rutura vyatanye mu mitwe muri iyi si ya none y’amajambere.
Yavuze ko mu vyo ONU yashitseko harimwo kugabanya inzara n’ubukene, gufasha amamiliyoni y’abantu basinzikajwe n’intambara n’ibiza, hamwe no kurandurana n’imizi indwara. Ariko yavuze ko hakiri ibitari bike bigikenewe gukorwa.
Reta zunze ubumwe z’Amerika ni ho hari icicaro ca ONU, mu gisagara ca New York. Amerika kandi iza kw’isonga mu baha uburyo bw’amafaranga iryo shirahamwe rikoresha mu bikorwa vyaryo.
Reta ya Perezida Donald Trump yamye inebagura ONU, ndetse irahagarika gufasha ibisata bitari bike vyayo, birimwo icita ku magara y’abantu, OMS hamwe n’ikiraba agateka ka muntu.
Facebook Forum