Uko wahagera

Inteko za ONU Zatabaye Abimukira ku Nkengera za Libani


Inteko za ONU zicungera amahoro n’umutekano zatabaye abantu 36 bagizwe ahanini n’abanyesiriya, zongera zitora ikiziga c’umwe mu bwato bwariko buva ku nkengera za Libani kuri uyu wa mbere. Izi nteko hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi HCR babitangaje kuri uyu wa mbere.

Aho abo bantu bariko bagana ntihazwi, ariko Libani hamwe n’igihugu kibanyi ca Kupuro bavuze ko ubwato bw’abimukira butari buke bwagerageje kuva mu karere ko mu buseruko bwo hagati mu ndwi ziheze.

Umuvugizi wa HCR yavuze ko 25 muri abo batabawe bari abanyesiriya, umunani abanyelibani, abasigaye bava mu bindi bihugu.

Libani irimwo abantu hafi umuliyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu bashirwagiye mu gihugu bahunze intambara mu gihugu kibanyi ca Siriya. Ubutunzi bw’ico gihugu bwarasubiye hasi cane kubw’ikiza ca COVID-19 hamwe n’isanganya ryabaye mu kwezi guheze ku kivuko c’i Beirut, ahapfuye abarenga 190 n’igice kinini c’igisagara casambutse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG