Ibihugu vya Tanzaniya na Uganda kuri uyu w’Imana vyateye umukono ku masezerano y’umugambi wo kwubaka umuringoti w’ibitoro w’ibirometero 1 445 mu karere ka Afrika y’ubuseruko.
Uyo mugambi uzotwara imiriyaridi 3 n’imiliyoni 500 z’amadolari ugamije gukora umuringoti uzotwara igitoro catowe muri Uganda mu 2006 kandi gishike muri Tanzaniya.
Perezida wa Tanzaniya, John Pombe Magufuli yasinye ayo masezerano na mugenzi we wa Uganda, Yoweri Museveni.
Ibikorwa vyo kuwukora bitegekanijwe gutangura mu mpera z’uyu mwaka. Ivyo bitoro bigereranwa kuba bingana n’utugunguru hafi umuriyaridi n’imiriyoni amajana indwi.
Abaharanira ibidukikije bavuga ko uyo mugambi uzohonya ibinyabuzima no kubangamira ukubaho kw’abanyagihugu.
Mu ndwi iheze, raporo yasohowe n’urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu (FIDH) ku vyigwa vyakozwe na Oxfam yavuze ko uwo mugambi ushobora guhungabanya ubuzima bw’imiryango irenga 12 000 ishobora gkuzohatakariza ubutaka bwabo.
Ni mu gihe Tanzaniya yo ivuga ko abantu 10 000 bazoharonkera ubuzi hamwe n’abarenga 90 000 bazoronka amafaranga mu gutunganya inzira uwo muringoti uzocamwo.
Facebook Forum