Uko wahagera

Impunzi 6 z'Abanyesudani y'Epfo Zarishwe mw'Ikambi muri Uganda


Igiporisi ca Uganda cavuze kuri uyu w’Imana ko abantu 13 bahagaritswe inyuma y’aho umurwi w’abantu batereye ikambi ihaye indaro impunzi z’abanyesudani y’ubumanuko mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, hapfa impunzi zitandatu.

Umuvugizi w’igiporisi muri ako karere, Josephine Angucia, yavuze ko ubwo bwicanyi bwabaye mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu mw’ikambi y’i Rhino irimwo impunzi zirenga 100 000, hafi y’urubibe na Sudani y’ubumanuko.

Angucia avuga ko imishamirano hagati y’abanyagihugu baba hafi y’iyo kambi hamwe n’izo mpunzi ari yo yavuyemwo ubwo bwicanyi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR rivuga ko Uganda ihaye indaro impunzi zirenga umuliyoni 1 n’ibihumbi amajana ane, niho hari impunzi nyinshi ku mugabane wa Afrika.

Benshi bavuye mu gihugu kibanyi ca Sudani y’ubumanuko, aho intambara hagati y’abenegihugu yahitanye abashika 380 000 n’imiliyoni zine bahunze.

Ikambi y’i Rhino ni imwe mu kambi nini muri Uganda, ariko imishamirano hagati y’abanyagihugu babakiriye hamwe n’impunzi ikunda kuvamwo ubwicanyi.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, impunzi y’umunyasudani y’ubumanuko yarishwe abandi batari bake barakomereka mu mishamirano yabahuje n’abanyagihugu baba hafi y’ikambi mu buraruko bw’akarere ka Adjumani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG