Uko wahagera

Umuriro Watongoye Ikambi Yose y'Impunzi y'i Moria mu Bugiriki


Umwimukira atwaye utwiwe inyuma y'umuriro wateye ikambi y'i Moria mw'izinga rya Lesbos, mu Bugiriki, kw'itariki ya 09/09/2020.
Umwimukira atwaye utwiwe inyuma y'umuriro wateye ikambi y'i Moria mw'izinga rya Lesbos, mu Bugiriki, kw'itariki ya 09/09/2020.

Umuriro mwinshi waturiye uratongora ikambi ya mbere mu bunini mu Bugiriki ihaye indaro impunzi, urungika abimukira barenga 12 500 mu mabarabara yo mw’izinga rya Lesbos. Nta bantu bakomeretse baratangazwa.

Abarwanya imiriro bari bitabiriye ku bwinshi kurwanya imbeya z’uwo muriro mu gihe abo bimukira bariko barahungishwa iyo kambi ya Moria mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu.

Mu gihe abategetsi bariko barondera uburaro bw’izo mpunzi, abanyagihugu baba hafi y’iyo kambi basavye reta gutangaza ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe vy’ivyago, bongera basaba ko izo mpunzi zikurwa zose muri iryo zinga. Amakenga y’umutekano hamwe n’ikwirakwira ry’umugera wa Corona birahangayikishije abategetsi.

Amakuru amwe avuga ko uwo muriro wadutse igihe abimukira baturira iyarara ry’umucafu riri hanze y’iyo kambi biyamiriza ingingo zafashwe zo kubakumira. Ababibonye bavuze ko impunzi zabujije abazimya imiriro kunyaruka kuzimya, bituma ukwirakwira mw’ikambi yose, urayisangangura.

Uwo muriro mw’ikambi y’i Moria ni akagohe kavuniwe reta y’Ubugiriki hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya kugira bakore ibindi birenze ivyo bahora bakora mu gufasha Ubugiriki gutorera umuti ico kibazo c’abimukira barushiriza kukigana bavuye mu karere ko mu buseruko bwo hagati hamwe na Afrika.

Co kimwe n’Ubutaliyano hamwe n’ibindi bihugu vya Bulaya vyakira impunzi nyinshi, Ubugiriki busaba ko hoba igabanganwa ryazo ku mugabane wa Bulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG