Uko wahagera

Abanyafrika y'Epfo Barashavujwe n'Ivyavuzwe na Perezida Trump kuri Mandela


Abanyafrika y’Epfo barashavujwe n’ivyoba vyarashikirijwe na Perezida wa Amerika Donald Trump kuri Nelson Mandela, umwirabure wa mbere yatwaye afrika y’epfo aranatahukana agashimwe kitiriwe Nobel. Perezida Trump yagirizwa kuba yavuze ko Mandela atari “Indongozi”.

Ibi vyagiriji biri mu gitabu canditswe n’uwahoze ari umushingwamanza wa Trump, Michael Cohen ubu apfunzwe ku vyaha bitari bike yagirizwa harimwo kubesha abashingamateka.

Iyi nkuru yaravuzwe cane mu binyamakuru mu mpera z’indwi kandi perezidanse y’Amerika yarabihakanye. Cohen yahanishijwe igifungo muri 2018 yagirijwe gukoresha amafaranga y’amatora biciye kubiri n’amategeko, ivyaha bishingiye kumatagisi hamwe no kubesha abashingamateka.

Kubw’ico gitabo, Trump yavuze inyuma y’urupfu rwa Mandela mu 2013 ko uwo yahoze arongoye afrika y’epfo atari “umurongozi.” Ayandi makuru yavuze amajambo perezida Trump yoba yarakoresheje mu kuvuga ibihugu vy’Afrika hamwe n’ibitutsi kubirabure.

Perezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa ntaco arashikiriza kuri ivyo vyagirijwe Perezida Trump.

Ambasaderi w’Amerika muri Afrika y’Epfo, Lana Marks, yagenwe na Trump yavuze ko yaganiriye nawe kuri Afrika y’Epfo, kandi ko yavuze ivyiza gusa kuri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG