Perezida Ibrahim Boubacar Keita aherutse gukurwa ku butegetsi muri Mali yahawe amezi atatu azobe yatahutse mu gihugu inyuma yo kuja kwivuza mu makungu. Abakoloneli bamukuye ku butegetsi mu kwezi guheze babivuze kuri uyu w’Imana.
Keita, mu ndwi iheze yaragize ikibazo c’ingwara yo mu bwonko, yaciye yemererwa kuva muri Mali, aja muri Emirat zunze ubumwe z’Abarabu ku musi wa gatandatu kwivuza.
Iki kiringo ntarengwa yahawe co gutahuka mu gihugu caganiriweko mbere kiremezwa n’akagwi k’abasirikare kafashe ubutegetsi hamwe n’intumwa z’umuryango w’ubutunzi uhurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero, CEDEAO mu biganiro bagiranye I Bamako muri Mali.
Perezida Keita yaratwawe gato mu bitaro vyo ku murwa mukuru Bamako mu ndwi iheze inyuma y’ingwara yamufashe yo mu bwonko ariko atari ku rugero rukomeye.
Facebook Forum