Uko wahagera

Guinee: Perezida Alpha Condé mu Kwitoreza Manda ya Gatatu


Perezida wa Guinee, Alpha Conde ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka y'Ubulayi
Perezida wa Guinee, Alpha Conde ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka y'Ubulayi

Perezida wa Guinee, Alpha Condé, yatangaje kuri uyu wa gatatu ko azokwitoreza manda ya gatatu mu matora yo kw’italiki 18 z’ukwezi kwa cumi uyu mwaka wa 2020.

Mu butumwa yashikirije abakenyezi bamushigikiye kandi bariko baramufasha kwumvisha abanyagihugu ko akwiye kwitoza, Perezida Conde yagize ati: “Ubu ndavyemeye, kuko ni mwebwe mwemeje ko ntegerezwa kwitoza”.

Condé, imbere yuko manda yiwe ya kabiri ari nayo ya nyuma ibwirizwa shingiro rimwemerera gutwara irangira, uyu mwaka yasavye ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa. Abatavuga rumwe nawe bavuga ko bwari uburyo bwo gusubiza manda ziwe kuri zero.

Abarwanya manda ya gatatu yiwe batanguye imyiyerekano mu kwezi kwa cumi umwaka uheze ariko barakubaguye, abatari bake bahasiga ubuzima.

Condé yari yaranse kuvuga ivyo gusubira kwitoza kwiwe, avuga ko ari ikibazo c’umugambwe wiwe, Rassemblement du Peuple Guinéen (RPG).

Amakenga yavuyeho ku musi wa mbere, igihe umugambwe RPG usohoreye itangazo ko Condé ari we azoba umukandida wabo, ubu naho akaba avyiyemereye.

Urunani rwiyise ko rugwanira ibwirizwa shingiro, ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’amashirahamwe ya sosiyete sivile, ku musi wa kabiri rwavuze ko rugiye kwinjira mu bihe vyo kugira ico rukoze, ariko nta birenze ivyo rwavuze.

Conde ubwiwe yahoze ari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, yarafunzwe n’ubutegetsi bw’imbere yiwe.

Igihe yaba perezida wa mbere yatowe muri demokarasi mu 2010, abanyagihugu bari bafise icizere ko hagiye kugira igihinduka. Aho atsindiye manda ya kabiri, abamunegura bavuga ko yaciye atangura gutwaza igikenye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG