Uko wahagera

Imvura Nyinshi Yateje Inzara y'Umurengera muri Sudani


Imyuzurira muri Sudani
Imyuzurira muri Sudani

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritabariza abanyesudani bagera ku 250,000 batagira ayo bacira n’ayo bamira biturutse ku mvura y’imyuzure yabakuye mu vyabo.

Abategetsi b'ibiro vya ONU muri Sudani batangaje ko muri rusangi bakeneye amadorali yababa imiliyaridi zibiri zo gufasha abanyagihugu bo mu ntara 17 kuri 18 zigize Sudani, bari mu kaga biturutse ku ngaruka z’iyo mvura y'isegenya yononye ivyabo.

Umuvugizi w’igisata ca ONU kibarizwamwo ivyo gufatana mu nda I Kharthoum, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko amazu yasenyutse burundu muri izo ntara arenga 20,000, mu gihe ayandi angana uko yononekaye bisanzwe n'ubwo abwirizwa gusanurwa.

Hambavu y’ikibazo c’uburaro, iyo mvura yononye amasoko y’amazi agera ku 2,000, ibiriko bituma hibonekeza ikibazo c’amazi meza mu mihana itandukanye nkuko ONU ibandanya ibisigura.

Iyo mvura iryo shirahamwe rivuga ko yaguye mu mpera z’ukwezi guheze kw’indwi. Ni imvura iryo shirahamwe rigabisha ko ishobora kwiyongera muri kuno kwezi kwa munani, gutyo ata gikozwe ikazoza isongera isibe ibindi bibazo vyari bisanzwe bikomereye Sudani, muri vyo harimwo ikibazo c’inzara y’umurengera n’uguhangana n’ikiza ca Virusi ya Corona.

ONU mu vyegeranyo vyayo yerekana ko abanyesudani bugarijwe n’inzara baharurwa mu miriyoni zirenga cumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG