Uko wahagera

OMS Yemeye Gukorana n'Uburusiya mu Rucanco rwa COVID-19


Urucanco rwa COVID-19 rwakozwe n'Uburusiya
Urucanco rwa COVID-19 rwakozwe n'Uburusiya

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryavuze kuri uyu wa gatatu ko ryiteguye gukorana n’Uburusiya mu gukurikirana ibikorwa vy’igeragezwa ry’urucanco rw’umugera wa corona ico gihugu kivuga ko cakoze.

Perezida Vladimir Putin yavuze ku musi wa kabiri ko Uburusiya ari co gihugu ca mbere cemeje ko carangije gukora urwo rukingo naho igice ca nyuma c’igeragezwa ryarwo ku bantu 2000 categekanywa gutangura kuri uyu wa gatatu.

OMS ivuga ko incanco 28 ku zirenga 150 ziriko zirageragezwa ku bantu, ko zitandatu muri zo zigeze ko rugero rwa gatatu, mu kugeragezwa ku bantu benshi.

Urucanco rw’Uburusiya, rwakozwe n’ikigo c’ubushakashatsi, Gamaleya gifatidikanije n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ruri muri uwo murwi wa 28.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG