Uko wahagera

Libani: Ikigandaro c'Iminsi Itatu ku Vyago Vyashikiye Igihugu


Reta ya Libani yashinze indwi zibiri z’ibihe bidasanzwe ku gihugu i Beirut yongera itegeka ko igisirikare gicungisha icamaso uwo wese akekwa kugira uruhara ku bintu vyatumye haturika ikimeze nka bombe ku kivuko c’ico gisagara.

Icatumye ivyo bintu biturika nka bombe ntikiramenyekana, ariko abategetsi ba Libani bibaza ko vyatewe n’amatoni y’ubumara bwa Ammonium Nitrate bwari bumaze imyaka itandatu mu bubiko bw’ico kivuko.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu yavuze ko ico kintu caturitse nka bombe ku munsi wa kabiri casambuye imihana yose yaba hafi y’ikivuko, abantu bashika 135 bahasiga ubuzima hamwe n’abarenga 5 000 bakomeretse.

Buramatari wa Beirut, Marwan Abboud, yavuze ko abantu baharurwa 300 000 badafise aho bakika umusaya.

Abatabara baracabandanya kurondera abagihema kuri uyu wa gatatu, mu gihe umushikiranganji wa mbere, Hassan Diab yatangaje iminsi itatu y’ikigandaro ku gihugu.

Abategetsi biteze ko ibitigiri vy’abapfuye n’abakomeretse vyiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG