Abantu babiri mu bari mu myiyerekano mu gisagara ca Lubumbashi, muri Republika ya demokarasi ya Kongo barishwe barashwe, uwundi muporisi yicwa urw’agashinyaguro mu myiyerekano yabaye kuri uyu wa kane.
Iyo myiyerekano yabaye mu bisagara bitandukanye vy’igihugu, inyuma y’ingingo yafashwe n’inama nshingamateka yo kugena Ronsard Malonda, mu kibanza c’umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora, CENI.
Uwo muporisi yishwe n’abari mu myiyerekano ku murwa mukuru Kinshasa ahowe kuba yasutse ivyuka bikoroza amosozi ku banywanyi b’umugambwe UDPS wa Perezida Felix Tshisekedi bariko begereza ibiro vy’inama nshingamateka.
Iyindi myiyerekano yiyamiriza iyo ngingo itegekanijwe ku matariki ya 13 na 19 z’uku kwezi kw'indwi. Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Gilbert Kankonde, ku munsi wa gatatu yavuze ko ahagaritse imyiyerekano yose mu gihugu kubera ikiza c'umugera wa corona.
Facebook Forum