Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cashikirije kuri uyu wa mbere ko gishobora kutazokwemerera abanyeshure b’abanyamahanga kuguma mu gihugu mu gihe ivyigwa vyose biga vyokurwa mu masomero bigakurikiranirwa mu ngo hakoreshejwe interineti. Amerika ivuga ko iyo ngingo izofatwa kubera ikiza c’umugera wa corona.
Amerika kandi ntizoha visa abanyeshure biyandikisha mumaporogarame yigishiriza kuri interineti.
Ibi bishikirijwe mu gihe amashure nka yose muri Amerika ariko arihweza nimba inyuma y’ibihe vy’uburuhuko bwo muci, ivyigwa vyotangirwa mu mashure canke bakabikurikiranira mu mihana yabo.
Igitigiri kinini c’abanyeshure b’abanyamahanga biga muri Amerika bava mu Bushinwa, Ubuhindi, Koreya y’epfo, Arabiya Sawudite na Canada.
Facebook Forum