Icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni barahiye kuri uyu wa gatatu imbere y’inama nshingamateka kugira batangure amabanga yabo.
Biyemeje ko bazorangura amabanga yabo badahengamye kandi bubahirije ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko y’igihugu.
Umukuru w’Inama nshingamateka Pascal Nyabengda arakurira inkoni ku gishitsi abibaza ko iyo nama nshingamateka igira irangize ikiringo ata bubasha yarifise bwo kwemeza abo bategetsi babiri bakomeye mu gihugu. Nyabenda avuga ko bafise ubwo bubasha bisunze ibwirizwa nshingiro.
Igihe barahira, abashingamateka b’umugambwe CNL utavuga rumwe na Reta si ho bari. N’igihe bemezwa ntibitavye ibikorwa. Bavuga ko batigeze babimenyeshwa.
Abo bategetsi bompi bari bemejwe kuri uyu wa kabiri, bisabwe n’umukuru w’igihugu Perezida Evariste Ndayishimiye.
Facebook Forum