Konan Bedie yigeze kuba prezida w'igihugu ca Cote d'Ivoire azohiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kw'icumi kw'uyu mwaka.
Bedie yabaye umukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’i 1993 gushika 1999 aho yakuwe ku butegetsi muri “coup d’etat”. Azokwitoza nk’umukandida w’umugambwe, “Parti Democratique de la Cote d’Ivoire”, PDCI mu mpfunyapfunyo.
Ikoraniro ry’ukugena uzoserukira umugambwe PDCI ritegekanijwe kuzoba kw’itariki 26 z’ukwezi kw’indwi. Umwe mu bo boshoboye kuzohiganwa, umurwizatunga, Jean Louis Billon, yarasokoye kandidatire yiwe kugira yorohereze Bedie.
N'iyo Bedie yaronka tike y’ukuzokwitoza, uwo bazohiganwa n’umukandida w’umugambwe wa prezida ahari muri iki gihe, Amadou Gon Coulibay, asanzwe ari umushikiranganji wa mbere.
Konan Bedie, afise imyaka 85 muri iki gihe, avuga ko n’iyo yahabwa amahirwe y’ugusubira kuyobora Cote d’Ivoire, azokwitaho vy’umwihariko urwaruko ruri mu gihugu.
Bedie yashigikiye Prezida Alassane Ouattara mu ncuro zibiri z’amatora yabaye imbere yaho. Yamara yarakuye umugambwe wiwe mu rurani ruri ku butegetsi mu mwaka w’i 2018 igihe Ouattara yavuga ko ibwirizwa shingiro rishasha ryemejwe mu mwaka w’i 2016 rimurekurira kwitoza mu kiringo ca gatatu.
Facebook Forum