Ni amatora atagoranye mu nama ngingamateka yatumweko vyihuta kuri uyu wa kabiri. Umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yabanje gusomera abashingamateka ikete ryarungitswe n’umukuru w’igihugu ryerekeye igikorwa cabazindukanye
Ayo mazina na yo ni Prosper Bazombanza mu kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu na Alain Guillaume Bunyoni mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere.
Inyuma y’umwanya muto, ayo mazina yemejwe. Prosper Bazombanza, yahoze muri ico kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’I 2014-2015, aturuka mu mugambwe UPRONA ishami riri muri Reta, yemejwe ku majwi 91 ku bashinugamakteka 94 bari bitavye ibikorwa, 2 baramuhakana, umwe na we ntaco yabivuzeko.
Alain Guillaume Bunyoni, na we yatowe nk’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ku majwi 92 ku bashingamateka 94 bari bahari, 2 na bo baramuhakana. Bunyoni yahora ari umushikiranganji akomeye mu gihugu afise n’ipete rya mbere riruta ayandi yose ahari mu gipolisi no mu gisirikare. Yabaye umushikiranganji w’umutekano kuva mu mwaka w’I 2005 gushika mu mwaka w’I 2011, ikibanza yagarutsemwo mu mwaka w’2015 gushika ubu.
N’ubwo biri uko itorwa ry’izo ndongozi ntiryanezereje abashingamateka bose, kuko ryabaye abashingamateka baturuka mu mugambwe CNL utavuga rumwe na reta atari ho bari. N’uwutwara uwo mugambwe, Agathon Rwasa, asanzwe ari icegera ca mbere c’uwutwara inama shingamateka si ho yari. Mw’itangazo, uwo mugambwe wamenyesheje ko wanse kwitaba ico gikorwa kuko batakimenyeshejwe. Mw'itangazo washize ku rubuga rwawo rwa Twitter, ugira uti: “Abashingamateka bigenga b’umugambwe CNL ntibitavye kuko banyegejwe ico gikorwa, kikaba cabaye giturumbuka uyu munsi. Ni ubusuma kuko igikorwa nk’ico cabwirizwa kwitonderwa kikamenyeshwa bose ku rutonde”..
Ico bikoze, igihe yarahirira amabanga yiwe ku ndwi iheze, Umukuru w’igihugu Prezida Evariste Ndayishimiye yari yiyemeje gushinga reta y’Ubumwe. Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, ari na yo yahaye ububasha umukuru w’igihugu bwo kurahira imbere y’igihe, yari yasohoye ingingo ko Reta nshasha izoshingwa inzego zatowe zimaze kuboneka zose.
Alain Guillaume Bunyoni yemejwe kuba umushikiranganji wa mbere ari ku rutonde rw’abantu 7 harimwo ibihangange mu gipolisi n’igisirikare bafatiwe ibihano n’ibihugu bigize Ubumwe bwa Bulaya hamwe na Amerika vyo kudahonyoza ikirenge muri ivyo bihugu. N’amatungo yabo ari muri ivyo bihugu yarafashwe. Ubulayi na Amerika vyagiriza izo ntwazangabo ko ziri mu bahohoteye agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu mwaka w’2015.
Ata gihindutse, abo bategetsi babiri bemejwe n’inama nshingamateka bazorahira kuri uru wa gatatu kugira batangure amabanga yabo
Facebook Forum