Uko wahagera

Malawi: Amatora Azosubirwamwo Italiki ya 23 Ukwezi kwa Gatandatu


Abiyamiriza ikiringo ca kabiri ca Perezida Peter Mutharika.
Abiyamiriza ikiringo ca kabiri ca Perezida Peter Mutharika.

Inama nshingamateka ya Malawi yemeje kuri uyu wa kabiri ko ikindi gice c’amatora y’umukuru w’igihugu kizoba kw’itariki ya 23 y’ukwezi kwa gatandatu. Ni inyuma y’aho sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro iteshereje agaciro amatora yabaye mu mwaka uheze, ivuga yo yabayemwo ubusuma bukabije.

Ayo matora yari yahaye Perezida Peter Mutharika kurongora ikiringo kigira kabiri ku majwe 38.5.

Hambavu y’ivyo, umurwi mushasha ujejwe gutunganya amatora warahiye kuri uyu wa kabiri kugira utegure ayandi matora, inyuma y’aho sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro itegekeye ko haba amatohoza ku nyifato yaranze umurwi wahahora.

Bubaye ubwa mbere ubutungane bufuta ivyavuye mu matora muri Malawi kuva ico gihugu cikukira mu mwaka w’1964.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG