Inteko ziyoboka reta ya Libiya yemewe n’amakungu kuri uyu w’Imana zarabandanije ibitero ku basirikare ba Jenerali Khalifa Haftar, ariko zahagarariye mu micungararo y’igisaraca ca Sirte.
Ico gisagara kiri ku nkengera y’ibahari Mediterane, ni ho uwahoze arongoye Libiya Moammar Kadhafi avuka. Ni igisagara kirimwo amahinguriro y’ibitoro mu buseruko kandi kikiri mu minwe y’abasirikare bashigikiye Haftar.
Reta yemewe n’amakungu ishigikiwe na Turukiya ifise icicaro Tripoli, imaze indwi zitari nke yigarurira ibice vyose vyo mu burengero bwa Libiya vyari vyarafashwe n’abarwanyi ba Haftar.
Kuri uyu w’Imana, amasinzi y’abanyagihugu i Tripoli bariginye izo ntsinzi ariko umurwi wa ONU muri Libiya washikirije ko utewe impungenge n’ihohoterwa rikorerwa abasivile. Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yaragabishije mu ndwi iheze ko hoba harabaye ivyaha vyo mu ntambara vyoba vyarakozwe n’impande zibiri zirwanira hafi ya Tripoli.
Facebook Forum