Uko wahagera

USA: Abadepite Basaba Gusubiramwo Amategeko ku Giporisi


Icicaro c'Inama nshingamateka ya Amerika
Icicaro c'Inama nshingamateka ya Amerika

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, abashingamateka b’abademokrate bashikirije kuri uyu w’Imana ko bagiye guharanira ishirwaho ry’amategeko arwanya ivangura rishingiye ku rukoba riri mu giporisi n’abashinzwe umutekano. Ni mu gihe imyiyerekano isaba impinduka yatewe n’iyicwa rya George Floyd yavuye mu mabarabara yinjira ku rubuga rwa poritike.

Perezida Donald Trump yategetse kuri uyu w’Imana ko abasirikare 5 000 bari barungitswe i Washington mu ndwi iheze guhagarika imyiyerekano batangura gusubira mu makambi yabo.

Imyiyerekano yabandanije kuri uyu w’Imana, aho abayikora ubu basaba ko haba ibihinduka mu gisata c’igiporisi hamwe n’ubutungane kuri bose.

Ntibigaragara ko izo mpinduka zisabwa n’abademokrate zizoshigikirwa na bagenzi babo b’abarepublikani bagenzura sena. Ntibizwi kandi nimba Trump ashobora kuzosinya iryo tegeko mu gihe ryokwemezwa.

Amareta amwe aza yaramaze guhindura bimwe, mu gutangura kuziririza ikoreshwa ry’ivyuka bikoroza amosozi n’amasasu atica mu banyagihugu bari mu myiyerekano. Umukuru w’igisagara ca New York, Bill de Blasio, yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu w’Imana ko ashobora guhagarika amafaranga ahabwa igiporisi akarungikwa mu migambi ifasha urwaruka n’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG