Intagondwa z’abayisilamu zarishe abasirikare batandatu ba Nijeriya mu gitero bagavye ku kambi y’abasirikare iri mu buraruko bushira ubuseruko.
Umutegetsi w’igisirikare yashikirije ko ico gitero cabaye ku mugoroba wo ku munsi wa gatandatu kuri iyo kambi ya Auno, iri ku birometero 25 uva i Maiduguri, umurwa mukuru wa reta ya Borno.
Abo barwanyi kandi barasahuye ibirwanisho bongera baraturira amazu imbere yuko birukanwa n’indege zaje gutabara. Igisirikare kivuga ko hari abasirikare 45 baburiwe irengero ariko ko boba barahunze bashobora kugaruka mw’ikambi.
Abantu 36 000 ni bo bamaze kwicwa abandi bababa imiliyoni zibiri barata ingo zabo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya kubera izo ntambara.
Facebook Forum