Abantu amajana n’amajana bari mu cunamo bateye iteka ku musi wa kane George Floyd mu birori vy’ukumwibuka vyabereye mu gisagara ca Minneapolis muri Reta ya Minnesota. Abo bantu barimwo, umumenyeshabutumwa, Al Sharpton.
Urupfu rwa George Floyd, igihe yari mu minwe y’igipolisi ku musi wa mbere w’indwi iheze, vyatumye haba imyiyerekano y’ukwiyamiriza inyifato y’ubunyamaswa y’igipolisi n’akarenganyo gafatiye kw’ibara ry’urukoba mu bice bitandukanye vy’igihugu.
Ibirori vy’ukumwibuka vyatanguye igihe umushingwamanza w’umuryango wiwe, Benjamin Crump yasaba abagize uwo muryango kwigira imbere y’abandi mu kibanza barimwo kugira bashikirize amajambo.
Baravuze ingene imigenderaniwe hagati yabo nawe yari imeze igihe bari bakiri abana, ukugene bakuranye n’ukugene bari abagenzi cane.
Benjamin Crump yavuze ko urugamba rw’uguhananira ubutungane ruri mu rugamba rw’ugufasha Amerika kuba igihugu c’abanyamerika bose.
Igihe yafata ijambo umumenyeshabutumwa, Al Sharpton amaze igihe aharanira agateka k’abirabure muri Amerika yaravuze ku kugene ubutugane butunganijwe mu gihugu. Yatangajwe ko bunigira muri menshi abanyamerika b’abirabure.
Ikibanza ibirori vy’ukwibuka George Floyd vyabereyemwo cakira mu bisanzwe abantu 1.000. Yamara ico kibanza cakiye 500 kubera ikiza c’umugera wa Corona.
Facebook Forum