Uko wahagera

ONU Yiyemeje Kurwanya Ibinyoma kuri COVID-19


Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishikiriza ko rigiye kubeshuza amakuru y'ibinyoma akwirakwizwa kuri COVID-19.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yashikirije amakenga ku macakubiri, amajambo y’urwanko, kwanka abanyamahanga bishingiye kuri ico kiza. Guterres avuga ko ivyo vyose bikorwa biciye ku mbuga za internet.

Iryo sekeza rya ONU ritumbereye gushika ku mamiliyoni y’abantu kw’isi mu gutanga amakuru nyayo ya COVID-19 hakoreshejwe indimi nyinshi. Ayo makuru yo kwizigirwa azoshikirizwa azocishwa mu binyamakuru vyizewe na ONU, mu maraporo ya ONU hamwe n’ayatangwa na OMS.

ONU imenyesha kandi ko izokorana n’abakorerabushake mu gukwirakwiza ayo makuru mu mihana y’abantu, no mu ndimi zitandukanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG