Abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu bagirije Ubushinwa ko bwagerageje kwiba amakuru y’ubushakashatsi mu kuvura hamwe n’urucanco biriko birakorwa ku mugera wa Corona.
Ibiro vy’inyamiramabi vya FBI hamwe n’ibigo bijejwe gukinga amabanga yo mu buhinga bwa interineti bavuze ko amashirahamwe ya Amerika ari mu bushaskashatsi kuri COVID-19 abangamiwe n’Ubushinwa.
Ibi birego vyiyongereye ku ntambara ihasanzwe hagati y’ivyo bihugu rutura aho Amerika yagiriza Ubushinwa ko aribwo uwo mugera wamukamwo.
Perezida Donald Trump yama yagirije Ubushinwa ko bwahishije amamuko y’uwo mugera kandi butako bwanka gukorana n’abandi mu bushakashatsi no kurwanya ico kiza.
Uku kugabisha kwo kuri uyu wa gatatu kwagaragaje ko Amerika yemeza ko Ubushinwa bukibandanya utwigoro two kwiba amabanga y’Amerika y’ubudandaji na tekinolojiya. Bemeza ko Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa arondera ko igihugu ciwe kiza imbere y’ibindi mu bihunga bwa tekinolojiya.
Facebook Forum