Abategetsi b’Abanyafrika bakomeye mu gisata c’amagara y’abantu bavuga ko uwo mugabane wafashe ingingo zibereye mu kurwanya ikwirakwira ry’umugera wa Corona.
Mu gihe bavuga ko guhagarika imirimo mu bihugu bimwe vyagize akarusho mu kugabanya ikwirakwira ry’uwo mugera, abahinga bavuga ariko ko vyatumye ubutunzi hamwe n’imibano y’abantu bisinzikara. Babishikirije mu gihe igihugu ca Afrika y’epfo casinzikaye kurusha ibindi kuri uyu mugabane kiri mu myiteguro yo gutezurira abanyagihugu ku ngingo cafashe za Guma mu Rugo.
Ariko umuyobozi wa OMS mu karere ka Afrika, Dr. Matshidiso Moeti ashikiriza ko impinga ikiri ndende kugira ico kiza kizimangane muri Afrika.
Gushika kuri uyu wa gatatu itariki 29 z’ukwezi kwa kane, Afrika yari imaze kuronka abanduye CIVID-19 bashika 23 000 hamwe n’abarenga 900 umaze guhitana. Ni igitigiri gito ugereganije n’utundi turere kw’isi.
Facebook Forum