Ubushinwa burahakana ivyo bwagirizwa ko umugera wa Corona ufise amamuko muri laboratware yo mu gisagara ca Wuhan, atari mu gikoko.
Yuan Zhiming, umuyobozi w’iyo Laboratware y’igihugu muri ico gisagara avuga ko ibishikirizwa na Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika n’abamushigikiye ari irementanya.
Dr. Deborah Birx, wo mu mugwi wagenwe na White House gukurikirana ivy’ico kiza, yashikirije kuri uyu w’Imana ko hakiri urugendo rurerure rwo kumenya amamuko y’uwo mugera. Ashikiriza ko batazi vy’ukuri ingene watanguye kurandagata ndetse n’aho wavuye.
Icegera ca Perezida w’Amerika Mike Pence yabwiye Televiziyo Fox News y’aha muri Amerika kuri uyu w’Imana ko Ubushinwa butamenyesheje Amerika n’amakungu kuva uwo mugera ugitangura gukwirakwira mu kwezi kwa cumi na kabiri. Ariko kubijanye n’aho wandurutse, Pence yemeza ko bazobifatira umwanya ukwiye w’amatohoza.
Facebook Forum