Abanyezimbabwe b'abimukira baharurwa mu majana baba muri Botswana bariko bariyandikisha ngo batahe mu gihugu cabo. Bavuga ko ikiza ca Corona kigiye gutuma bicwa n’inzara.
Abo bimukira bari babeshejweho n’ubuzi butobuto, ariko kuva aho Botswana ihagarikiye ibikorwa vyose kubera Corona, ntibakironka aho bisumamwo. Baridogera kandi reta ya Botswana kuko yabakuye ku rutonde rw’abanyagihugu baronswa imfashanyo z'ibifungurwa.
Ntibizwi neza abanyezimbabwe baba muri Botswana uko bangana, ariko buri mwaka reta ya Botswana yirukana abatagira ivyangombwa bagereranywa ku 15000.
Facebook Forum