Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika caratanze ibitaro bitatu vyubakwa bikongera bikimurwa, congera giha inyigisho abavuzi mu bihugu vya Ghana, Senegal na Uganda mu guhangana n’umugera wa Corona.
Ivyo bitaro kandi bifise n’ivyuma bine bifasha guhema, nkuko abategetsi b’inteko z’Amerika muri Afrika (AFRICOM) bavyiganiye Ijwi ry’Amerika.
Igihugu ca Ghana, kimaze kuronka abanduye uwo mugera bashika 600, cashize ivyo bitaro mu micungararo y’umurwa mukuru Accra kandi biriko bikoreshwa mu kuvura abagaragaye ko banduye COVID-19.
Ibihugu vya Senegal na Uganda vyahisemwo kuvyimuriramwo abasanzwe barwaye izindi ngwara kugira haboneke ibitanda bikwiye mu mavuriro hamwe n’abaganga b’inzobere bakurikirana abo barwayi.
Ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona muri Afrika vyariyongereye, aho barenga 10000 mu ndwi iheze. Abategetsi b'Afrika mu gisata c’amagara y’abantu bashikiriza ko iyi yoba ari intango kandi ko uwo mugabane ukenye abaganga hamwe n’ibikoresho nkenerwa mu kuwurwanya.
Facebook Forum