Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya ryatangaje kuri uyu wa gatatu ko rigiye guha Afrika hamwe n’izindi ntara z’isi zitishoboye amafaranga angana na miriyaridi 16 z’amadolari agamije kurwanya ikiza ca Corona.
Uwo muryango uvuga ko menshi muri ayo mafaranga atari mashasha, ariko ari ingurane canke amafaranga yari yaratanzwe ariko yimuriwe gisata gishasha co kurwanya umugera wa Corona.
Afrika niyo yaronse amafaranga menshi, aho yahawe imiriyaridi 3.8 z’amadolari, nkuko vyashikirijwe na Josep Borrel ajejwe poritike y’imigenderanire n’ayandi makungu muri iryo shirahamwe.
Ayo mafaranga azofasha mu myiteguro no kuzorwanya ndetse no gukora ubushakashatsi ku mugera wa Corona.
Facebook Forum