Abirabure mu ma reta amwe amwe muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ni bo baza imbere y’abandi mu kwicwa ku bwinshi n’umugera wa Corona.
Muri Reta ya Louisiana, bibiri vya gatatu vy’abicwa na Corona bari mu banyamerika b’Abirabure. Muri iyo reta bagize ica gatatu c’abayibamwo.
Reta ya Mississippi aho abirabure ari 38 kw’ijana y’abanyagihugu bayo, abariko barahitanwa n’umungera wa Corona barenga ica kabiri, mu gihe reta ya Alabama 43 kw'ijana vy’abapfa ari abirabure. Ivyo biri no mu mareta ya Illinois na Michigan, cane cane mu bisagara.
Abahinga bavuga ko ivyo biva ku kuntu abirabure basanzwe ari bo barwara kuruta abandi kubwo kubura akazi gatuma baronka assurance yo kwivuza, bigatuma basohoka kurondera icobabeshaho bagaca bahura n’uwo mugera.
Umuyobozi ajejwe ikigo gishinzwe ingwara z’ibiza muri Amerika, Anthony Fauci yashikirije ko kubera ubukene, abirabure usanga barwaye ingwara z’igisukari, umuvuduko w’amaraso, indwara z’ubuvyibuhe na asthma.
Facebook Forum