Uko wahagera

Igisagara ca Wuhan Casubiye mu Buzima Busanzwe


Abanyagihugu mu mabarabara y'igisagara ca Wuhan, mu ntara ya Hubei, ahatanguriye kugaragara umugera wa Corona.
Abanyagihugu mu mabarabara y'igisagara ca Wuhan, mu ntara ya Hubei, ahatanguriye kugaragara umugera wa Corona.

Igihugu c’Ubushinwa catangaje kuri uyu wa kabiri ko ingingo yari yarafashwe yo kubuza abanyagihugu bo mu gisagara ca Wuhan gusohoka mu ngo zabo irangiye. Ni igisagara kibamwo imiliyoni 11 z’abantu, aho umugera wa Corona watanguriye mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Iyo ngingo yar’imazi iminsi 76 yarangiranye na sasita z’ijoro ku musi wa kabiri, inyuma y’aho reta y’Ubushinwa itangarije ko ata muntu mushasha yanduye, naho hakiri amakenga ko ibivugwa n’Ubushinwa ari ukuri.

Mu Buyapani ho, reta yashize ibice bimwe vy’igihugu mu bihe bidasanzwe kubera Corona, mu gihe mu Bwongereza umushikiranganji wa mbere Boris Johnson akiri mu bitaro kubw’uyo mugera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG