Kuri uyu kabiri harakoranye inama idasanzwe ihuza abashikiraganji b’amagara y’abantu mu muryango w’ibihugu bigize akarere k’Afrika y’ubuseruko EAC. Iyo nama yakoranye ku buhinga bwa none, yari igamije gutabara ibihugu bine bigize uwo muryango bimaze kwibonekezamwo ikiza c’umugera wa Corona. Hagiye gukwiragizwayo ibikoresho nk'imodokari zirimwo ibikoresho vyo gupima umugera wa Corona. Abantu barenga 70 baramaze kwandura muri ako karere.
Inama idasanzwe ihuza abashikiraganji b’amagara y’abantu mu muryango w’ibihugu bigize akarere k’Afrika y’ubuseruko yabaye kuri uyu wa kabiri inyuma y’umutaga yakozwe ku buhinga bwa none bwa videwo kugira birinde ikiza c’umugera wa Corona, ubona ko kimaze gufata ibihugu bine vyo muri ako karere.
Mu ngingo nyamukuru zashitsweko harimwo ko uwo muryango ugiye gukoresha uburyo, ibikoresho n’abaganga bawo mu gutabara aho uwo mugera wamaze gufata abantu. Ivyo bikoresho bigizwe n’imashini zo muri laboratwari, imidokari rusehabaniha cane ambulance zirimwo imiti, abaganga na Laboratoire ngendanwa, uburyo bw’amafaranga n’abahinga.
Vyinshi muri ivyo bikoresho biri ku cicaro gikuru c’igisata c’amagara y’abantu ca EAC i Bujumbura mu Burundi, igihugu ata murwayi wa Coronavirus arabonekayo, yamara abatari bake bakavuga ko uburyo budakwiye bwo kubitaho hamwe hogira uwuboneka.
Ni ibikoresho vyatanzwe n’umugambi w’Abadagi ujejwe iterambere GIZ mu gihe akarere kari gahanganye n’ingwara ya Ebola. Abahinga bavuga ko ivyo vyuma bishobora no gupima ibimenyetso vy’umugera wa Corona.
Hemejwe ko buri gihugu muri EAC kizohabwa bene izo modokari rusehabaniha zirimwo ibikoresho vyose vyo gupima Coronavirus zine, cane cane ibihugu bine bimaze kugararamwo umugera wa Corona ari vyo u Rwanda, Kenya, Ubuganda na Tanzaniya.
Hashizweho kandi umugwi w’abahinga mu vy’ubuganga wamaho wo kugenzura ingene umugera wa Covid-19 wifashe mu karere ka EAC. Uwo mugwi uzoba ufise n’ubwo buhinga, ni nka mpanuzwajambo kugira utange impanuro zibereye mu gihugu kanaka, icokorwa mu maguru masha maze uwo mugera ntubandanye kurandagata.
Hasabwe kandi ko ingingo zose zofatwa zo kugabanya uguhurira hamwe kw’abantu benshi nk’amashure, amasengero, ibibuga vy’umupira n’ahandi hamwe no kwigiza inyuma inama canke ibikorwa bihuza abantu benshi muri iki gihe.
Aha ibihugu bitungwa agatoke cane ni Uburundi hamwe na Tanzaniya, aho ku wa mungu abakirisu bagihurira mu nsengero, imisigiti iruguruye, amashure aracakora, amasoko, ibihugu vy’umupira w’amaguru, imodokari zitwara abantu benshi mu bisagara n’ibindi biracakora.
Facebook Forum