Angola yemeye guhabwa na Chadi ibitungwa 75000 vyishura ideni ry’imiliyoni 100 z’amadolari y’abanyamerika ico gihugu cari giheraniye Angola.
Ivyo bitungwa bizotangwa mu kiringo c’imyaka 10 nk’indishi y’ideni ryafashwe mu mwaka w’2017.
Ibinyamakuru muri ivyo bihugu bivuga ko ayo masezerano yungukira ivyo bihugu vyose kuko Chadi ikenye amahera mu gihe Angola na yo ikenye ibitungwa.
Facebook Forum