Akanama k’ishirahamwe mpuzamakungu kajejwe amahoro n'umutekano kw’isi kemeje ata n’umwe avuyemwo integuro y’itegeko y’amasezerano Amerika yumvikanye n’Abatalibani barwana muri Afuganistani.
Igisirikare c’Amerika kiza caratanguye gukura abasirikare muri ico gihugu nkuko bisabwa muri ayo masezerano yateweko imikono kw’itariki ya 29 z’ukwezi kwa kabiri.
ONU isaba reta ya Afuganistani kwihutisha umugambi w’amahoro, harimwo ibiganiro vya poritike hagati mu gihugu.
ONU ishikiriza ariko ko ihangayikishijwe n’icuka kibi ca poritike aho ku musi wa mbere Perezida Ashraf Ghani n’uwo batavuga rumwe Abdullah Abdullah, bose barahiye mu kibanza c’umukuru w’igihugu, bemeza ko batsinze amatora.
Facebook Forum