Kenya yagirije Somaliya kugaba igitero kidasobanutse mu gisagara ca Mandera kiri ku rubibe rwa Kenya. Kenya na Somaliya vyamye vyagirizanya guterana. Kenya ishikirije mu gihe bitaramenyekana ko ico gihugu kizogumiza abasirikare baco mu rugamba na al-Shabab muri Somaliya.
Ibinyamakuru muri Somaliya vyashikirije ko Perezida Mohamed Abdullahi Farmajo yaterefonye mugenzi we wa Kenya Uhuru Kenyatta bumvikana ko bagiye gukorera hamwe ku nyungu zabo bose.
Kenya iri mu mugambi wo gukura abasirikare bayo muri Somaliya mu nteko za AMISOM ariko akanama kajejwe amahoro n’umutekano ka Kenya karacariko karavyiga.
Facebook Forum