Uko wahagera

USA: Umugera wa Corona Umaze Guhitana 6


Abaforoma mu gisagara ca Kirkland muri reta ya Washington bafasha umurwayi wa Corona
Abaforoma mu gisagara ca Kirkland muri reta ya Washington bafasha umurwayi wa Corona

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yatangaje ko naho umugera wa Corona/COVID19 uriko urigaragaza ku muvuduko, hakiri kare gutangaza ko igihugu kigiye mu bihe bigoye kandi bidasanzwe. Yabishikirije kuri uyu wa mbere hamenyekanye ko abo umaze guhitana muri Amerika bashitse kuri 6, bose bo muri reta ya Washington. Ariko bashobora no kwiyongera.

Abategetsi bo muri iyo reta bashikiriza ko uwo mugera wari umaze indwi zishika zitandatu ukwirakwira mu banyagihugu ariko udashobora gusuzumwa.

Trump hamwe n’umurwi wagenwe guhangana n’ico kiza, bakoranye kuri uyu wa mbere n’abategetsi b’amakompanyi 10 akora imiti akomeye kw’isi. Ni mu ntumbero yo kurabira hamwe icokorwa vyihuta kugira haboneke urucanco. Gushika ubu hari abantu bashika 100 bagendana umugera wa Corona muri Amerika.

Tedros Adhanom Ghebreyesus ayoboye ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS yashikirije ko afise icizere c’uko uwo mugera ushobora gusubizwa inyuma mu gihe hofatwa ingingo zibereye.

Kw’isi yose, Corona umaze guhitana abarenga 3000. Benshi muri bo ni mu Bushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG